Sunday, 21 February 2021

UMUGANI W'URUYONGOYONGO

Umugani w'uruyongoyongo


Umunsi umwe uruyongoyongo rwarakugendeye ruraritse urunwa n'urujosi ruza kugera ku nkombe y'uruzi.

Rurabukwa ifi ebyiri mu mazi hafi y'inkombe y'uruzi.

Ruba rwarazifashe iyo rubishaka, ariko kubera rwari rutarasonza ruriraramira.

Hashize umwanya, akayara kararushikura.

Haza kuza agafi gatoya, uruyongoyongo rwanga kugafata! Ubwo busa! Ngo rutegereje amaronko ari buruhaze.

Rwamaze guhererwa, kandi inzara irurembeje; rupfa kwagukira akanyamunjonjorerwa. Inzara da!

Urwanira byinshi ukabura na duke wari ufite. 

Sinjye wahera hahera umugani!

No comments:

Post a Comment

INKOMOKO Y’INSIGAMIGANI: KUGENDA NK’ABAGESERA

  KUGENDA NK’ABAGESERA Uyu mugani bawuca iyo babonye umuntu uvuye mu bo bari kumwe akanyonyomba adasezeye ni bwo bavuga ngo naka agenda nk’a...